Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba ibintu bigaragaza ko umuntu yiyeguriye Imana.
1. Umutima wo kwumvir’Imana .
Itanguriro 6: 22 “Nuko Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.”
Igihe Imana yashaka kuzana umwuzure kw’isi yabwiye Nowe kwubaka ubwato, imubwira ido n’ido ingene azobwubaka.
Nowa, yizer’Imana arayumvira akora uko Imana imubwiye, abwubaka imyaka 120, abantu batamutahura ariko kuko yari yariyeguriye Imana arayumvira naho vyoba vyarashika ntatahure ivy’arimwo.
2. Imvugo nziza imbere y’Imana.
Luka 1:38a “Mariya aramubgira, at’ Ehe nd’umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe .“
Mariya amaze kubwirwa umugambi Imana imufiseko wo kuvyara Yesu, naho vyari bigoye kwumva, yaravyakiriye neza, ati ni bibe nk’uko Ijambo ry’Imana ryavuze.
Iyi niyo mvugo y’abiyeguriy’Imana imbere y’umugambi w’Imana.
Dusab’Imana iduhe kwamana umutima nk’uwo imbere yayo kugira idukoresh’ibikomeye.
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO