Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba ibimenyetso vyerekana ko umuntu afis’ubwenge bwo gutahura!
1. Umutima wo kwezwa no kuvugutirwa.
Daniel 12:10 ” Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abagize ubgenge bazobitahura .“
Igihe tugezemwo kidusaba kugira inyota yo kuba ku rundi rugezo rwo gutahura ibiriko biraba kw’isi twishimikije ijambo ry’Imana kuko vyose biba birimwo.
Uko tuba mw’Ijambo ry’Imana no kuritahura, bizana kwezwa no gukugutirwa biciye mu bwenge no gutahura”
Yohana 17:17 “Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri .“
2. Inyota yo kwihererana n’Imana no gusenga.
Gusenga ni ukuganira n’Imana tukayibwira nayo ikatubwira ( dialogue) .
Ikintu cose kidutey’amakenga, duhamagarirwa kuyibaza ikaduha umuco kandi yarabidusezeraniye.
Zaburi 32:8 “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, Nzokugira inama, ijisho ryanje rizokugumako.”
Ikibazo twokwibaza uyu musi : Mbega uwo mutima duhejeje kuvugako niwo undanga mur’iki gihe
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO