Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Ibikurikira Gutumira Imana no kuyizigira mu rugendo rw’ubuzima. 
1. Haba gushikama no gushira amanga .
Yosuwa 1:9 None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.
Nta kindi mw’isi coduha gushira amanga atari kubaho dufise ijambo twabwiwe na Nyen’isi n’ijuru, Imana ishoboye vyose, izi vyose, kandi iba hose.
Yosuwa kwumva aya majambo yatewe intege mu rugendo rwo kwinjiza ubwoko bw’Imana mu gihugu c’isezerano.
2. Haba kutirwanira.
Yosuwa 6:1-5 Kand’ i Yeriko bari biyugaranye bahadadiye kubgo gutinya Abisirayeli; nta warenga irembo, kandi nta washika imbere. 2 a Uhoraho abarira Yosuwa, ati Raba, ngabuye i Yeriko mu maboko yawe, bo n’umwami waho n’abahizi baho b’ibishirira. 3 Muze muzenguke ico gisagara, mwese ab’ ingabo, mukizenguke rimwe-rimwe ku musi kumara imisi itandatu. 4 b Kand’ abaherezi ndwi baze bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu; maze ku musi ugira indwi muze muzenguke ico gisagara ibihetangabo ndwi; kand’ abo baherezi baze bagende baravuza izo nzamba. 5 Maz’ ayo mahembe y’impfizi z’intama ni bayavuza ijwi rirandiriye, mukumva ijwi ryayo, abantu bose bace biha akamo icarimwe: maz’ uruzitiro rw’amabuye rw’ico gisagara ruzoca ruhomvokera hasi, abantu bose bace barengagira, umuntu wese aho yar’ atumbereye.
Mu kunesha i Yeriko, ntibabanje kurwana, ico bakoze barahazungurutse bakora ic’Imana ibabwiye, mu nyuma uruzitiro rurahomvoka, igisagara barakinesha.
Ico dukwiye kwitwararika n’uko Imana iba ku ruhande rwacu buri musi, ibisigaye nikwo gukomera kwacu mu rugendo rw’ubuzima rwa buri musi.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading