Shalom!
Ibikurikira Gutumira Imana no kuyizigira mu rugendo rw’ubuzima. Igice ca 2:
3. Haba kurindwa gukomeye.
Yesaya 43:1-4 “Ariko none, uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye, yewe Yakobo, kand’ akakubumba, yewe Isirayeli, ati Ntutinye, kuko nagucunguye, naguhamagaye izina, ur’ uwanje. 2 b Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzuzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura. 3 c Kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yawe, Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe. Nagutangiriye Egiputa kw incungu, Etiyopiya na Seba nahahevye kubgawe. 4 Kuko wabaye uw’ igiciro kinini mu nyonga zanje, n’umwubahwa, nanje nkagukunda, ni co gitumye nzoheba abantu kubgawe, n’amahanga kubg’ ubugingo bgawe.“
Mû rugendo rw’ubuzima, ibitugora ntibibura kubaho, ariko naho bishika, Imana ibishingira akarimbi ntarengwa, ikatuzigamira mû bibazo, kandi urugendo rukabandanya.
Nta kindi cotuma tutagira ubwoba bw’ejo atari kugendana n’Imana buri musi. Uko bukeye uko bwije tukarazwa ishinga ry’uko Imana iba kumwe natwe nk’uko Dawidi yabikora.
Zaburi 132:1-5 “Uhoraho, ni wibukire Dawidi amarushwa yiwe yose;2 a Ingene yarahiye Uhoraho indahiro,Yasezeraniye Inyenkomezi ya Yakobo,3 Ati N’ukuri nkazokwinjira mw ihema ari yo nzu yanje,Nkazokwurira ku buriri bganje,4 b Nkazokundira amaso yanje gusinzira,Cank’ ibigohe vyanje guhunira,5 c Ntararonkera Uhoraho ikibanza,Ntararonkera Inyenkomezi ya Yakobo aho kuba.“
4. Imana itwitangira imbere mu rugendo.
Yesaya 45:1-2″Ibi ni vyo jewe Uhoraho mbgira uwo narobanuje amavuta, ni we Kuro, uwo mfashe ukuboko kw’i buryo, kugira ngo nsiribange amahanga imbere yiwe, kandi nzokenyurura inkindi z’abami, kugira ngo ndamwugururire inzugi imbere yiwe, kand’ amarembo ntazokwugarirwa: 2 b nti Nzoja imbere yawe, kand’ ahar’ uduhogoro nzohasena; nzomenagura inzugi z’imiringa, nzovunagura ibihindizo vy’ivyuma:”
Iy’Imana tuyemereye kujana natwe, itwitangira imbere, ikadutunganiriza ibitameze neza, ikabiroranya imbere y’uko tubishikamwo.
Aya ni amahirwe dukwiye guha agaciro mu buzima bwacu kugira tubeho ubuzima bw’umunezero n’amashimwe nka Pawulo.
Abaroma 8:28 “Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk’uko yabigabiye.“
Iyo itwitangiye imbere ivyo ducamwo vyose naho vyoba bigaragara nk’ibigoye, biduhindukirira vyiza.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO