Shalom!
Ibihe Imana igaragaza ishaka ryayo. Igice ca 2
2 . Iyo umuntu ashatse kuyiba icubahiro cayo.
Daniyeli 4:29-33 “Hashize amezi cumi n’abiri yarikw aranobanga mu rugo rwiwe i Babuloni. 30 r Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro? 31 s Iryo jambo umwami akirikura mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukuwemwo. 32 t Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikoko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukuranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Isumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese. 33 Maz’ ako kanya iryo jambo riba kuri Nebukadineza: yirukanwa mu bantu, asigara arisha nk’inka, umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirere, gushitsa ah’ umushatsi wiwe wabereye ikigunda nk’amoya y’inkukuma u, n’inzara ziwe zihinduka nk’iz’ ibisiga.“
Nebukadineza amaze kubona ko Babuloni hubatswe n’inkomezi ziwe ngo hamutere icubahiro. Imana yaciye imuhana imwirukana mû bantu, imwigishiriza mw’ishamba kuyubaha ibihe vyose.
Kimwe mû bintu Imana idashobora kwihanganira ni kubona umuntu ashaka kuyiba icubahiro cayo, ico gihe Imana igaragaza ishaka ifitiye icubahiro cayo.
Yesaya 42:8 “Jewe nd’Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibazano .“
Twame duh’Imana icubahiro cayo imisi yose kuko arico twaremewe ntitwikwegere ibihano.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO