Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!  
Ibigaragaza umwidegemvyo ufatiye ku gutahura igihe ( igice ca 2).
2. Amahoro yo mû mutima. 
2 Abami 4:25-26 Nukw aragenda, aja iyo wa muntu w’Imana ari ku musozi Karumeli. Uwo muntu w’Imana amubonye akiri kure, abarira umuntu wiwe Gehazi, ati Nguriya wa mugore w’Umunyashunemu. 26 Enda irukanga, muhure, umubaze, uti N’amahoro? ut’ Uragumye, n’umugabo wawe, n’umwana? Amubajije, aramwishura, ati N’amahoro !”
Umugore w’umushunyashunemu umwana wiwe yarapfuye ntiyarira canke avuz’induru imbere y’umugabo wiwe nk’abandi bamama, imbere y’ikibazo ca Gehazi yavuze ko ari amahoro.
Umwana yari yamuronse ashaje, amuronka atanamusavye ariko nk’ingabire Imana ibahaye kubwo kugirira neza umuvugishwa n’Imana Elisa.
Yatahuye ko yari mû gihe c’umugisha atari ic’ivyago nico gituma n’imbere ya Elisa yamwibukije ingene yaronse nya mwana gusa, Élisa aca aja kumusengera asubira kuba muzima v27-37.
Gutahura igihe bizana amahoro n’aho Satani yozana ibiza binyuranye n’ivyo tugezemwo, gutahura igihe biturinda kwiganyira, ibituzazaniye tukabivugana n’Imana igenzur’ibihe gusa.
Abo i Filipi 4:6-7 Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. 7 f Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.
Dusab’Imana amahoro afatiye kuco yavuze aganze mû mitima yacu. 

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading