Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  

Ibigaragaza ko umuntu yizigiye Imana. Igice ca 2  
2. Agir’imvugo ishingiye ku gukomera kw’Imana.
1 Samweli 17:45-47 Dawidi yishura uwo Mufilisitiya, at’ Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacokoye. 46 r Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’ imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisiga vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’ Imana ; 47 s kand’ iri koraniro ryose rimenye yuk’ Uhoraho adakirisha inkota cank’ icumu, kukw intambara ar’ iy’ Uhoraho , kandi ni we agira abagabure mu maboko yacu.
Dawidi yari yizigiye Imana nico catumye avuga amajambo nk’ayo imbere ya Goliyati. Ntiyamurabira mû maso y’ivyo yambaye n’ivyo yitwaje, ariko Dawidi yarabira Goliyati mû marori y’ubukuru bw’Imana akamubona yapfuye n’ingabo z’abafilisitiye ari imivyimba kugira Uhoraho yiheshe icubahiro mû mahanga.
Mbega wewe imbere y’ibimeze nk’ibigatanya imbere yawe uvug’iki?
Ntiturabire ingorane mû marori y’ugukomera kwazo, tuzirabire mû marori y’ugukomera kw’Imana tuzoba tunesheje.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading