Shalom !
Ibigaragaza ko umuntu yiyeguriye Imana. Igice ca 3
3. Imana imukoresha ivy’icubahiro .
2 Timoteyo 2:20-21 “Mu nzu nini y’umutunzi ntihabamw’ imbombovu z’ivyacuzwe mw izahabu no mw ifeza gusa, ariko habamwo n’iz’ ivy’ ibiti n’iz’ ivy’ ibumba, kandi bimwe babikoresha ivy’ icubahiro, ibindi babikoresha ibiteye isoni. 21 p Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.“
Uwemeye kwiyegurira Imana agira ivy’ahevye. Kandi acika imbere y’Imana igikoresho gikomeye kigirira nyeneco ikimazi, mû gukoreshwa ibihesh’icubahiro Imana.
Uko niko Ishengero ry’i Makedoniya ryakoreshejwe ibikomeye mû kugaburira abera.
2 Abo i Korinto 8: 1-5 “Bene Data, turabamenyesha ubuntu bg’Imana amashengero y’i Makedoniya yagiriwe. 2 Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buherwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo. 3 Kubgabo baratanze nk’uko bashoboye, ndabibashingira intahe, kandi n’ukurusha ivyo bashoboye, 4 b badusaba binginga cane kubatera iteka kugira ngo bafatanye n’abagaburira abera. 5 Kandi si nk’uko twabiziga gusa, ariko babanje kwitanga biha Umwami wacu, natwe nyene baratwiha, nk’uko Imana yagomvye“
Reka natwe twihe Imana idukoreshe ivy’icubahiro.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO