Shalom!
Ibigaragaza ibikorwa vy’Imana.
1. Haba gutangara.
Yohana 9:6-9 “Avuze ivyo, acira amate hasi, avurungisha amate utwondo, araheza amusiga utwo twondo ku maso; 7 aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona. 8 Nukw ababanyi biwe, n’abahora bamubona kw ar’ umusezi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu si we yahora yicaye asegerereza? 9 Abandi bati Ni we; abandi bat’ Oya, n’uwo basa. Na we arababgira, ati Ni jewe.“
Uburyo Yesu yahumuye iyi mpumyi bwabaye uburyo butangaje. Yamusize utwondo ku maso amurangira aho aja kwiyoza aca arahumuka.
Ubwiwe uwahumutse yaratangaye, ababanyi biwe n’abahora bamubona baratangara.
Yesu yaje mw’isi yitwa gitangaza. Kandi ni abo akorera ibitangaza bagomba kumwita “Igitangaza”.
Yesaya 9:6 “Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.“
Birashoboka ko nawe coba ari igihe cawe co kumwita “Igitangaza”. Ba maso wumve ic’akubwira hanyuma ugikore kugira ubone igitangaza, umwite ” Igitangaza “.
2. Haba ugutahura gushasha.
Yohana 9:13-16 “Umwe yahora ar’impumyi bamujana ku Bafarisayo. 14 g Kand’ uwo musi war’ isabato, Yesu yavurunzek’ utwondo, agahumura amaso yiwe. 15 Abafarisayo basubira kumubaza ingene yahumutse, na we arababgira, ati Yansize utwondo ku maso, ndiyuhagira, ndahumuka. 16 h Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.“
Uwavutse ari impumyi Yesu yamukijije kw’isabato. Abafarisayo baca bavuga ko Yesu atava ku Mana kuko yakijije umuntu kw’isabato. Abandi nabo igikorwa cakoretse batahura ko gikorwa nk’ico kidakorwa n’umunyavyaha.
Ivyabaye vyatumye abantu batahura ko bagomba guha agaciro, urukundo rw’Imana n’ukugiraneza kwayo kuruta kwumira ku migenzo itubakiye ku rukundo. Imigenzo yo guc’imanza zitari zo.
Imana yacu n’Imana y’imigenderanire. Nico dukwiye guha agaciro mu buzima bwacu kurusha imigenzo itubohera kure yayo tukisanga tutariko turatahura n’ivy’iriko irakora.
Umusi mwiza!
Receive Jesus
Pasteur Cassien NIKO
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit