Shalom!
Ibidushoboza guhagarara dushikamye.
Abanyefeso 6:14-18 “Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza, 15 m mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibiteguza; 16 n kandi hamwe n’ivyo vyose mwabire inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro. 17 o Mwabire inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana: 18 p musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.“
Nk’uko Pawulo yavyandikiye Abanyefeso, ikidushoboza gushikama ni ukwambara ibirwanisho vyo mû buryo bw’impwemu.
Ivyo navyo biri imice ibiri:
1. Ivyo kwikingira(armes défensives) : ukuri, ukugororoka, amahoro, ukwizera, agakiza.
2. Ivyo gutera umwansi ( armes offensives) : ijambo ry’Imana, ugusenga.
Tugomba rero kumenya ko nimba vy’ukururi tugomba gushikama, ko ari uguha agaciro iri banga Kristo yaduhishuriye ryo kuba umusoda wa Kristo.
2 Timoteyo 2:3-4 “Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk’uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu. 4 Nta musoda yikwegera mu vy’ubu bugingo, ngw az’ ahimbare uwamwandikiye ubusoda.“
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO