Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba ibanga ryo kugumana ubushobozi.
1. Ugusenga.
Matayo 4:1-2 “Buno Yesu aduganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’Umurwanizi. 2 c Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje , abona gusonza.“
Yesu imbere yo gutangura igikorwa camuzanye kw’isi yabanje kumara imisi 40 mû bugararwa asenga yisonzesheje.
Ivyo vyatumye atangurana igikorwa ubushobozi budasanzwe.
Luka 4:14 “Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n’ubushobozi bga Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije.“
Yakomeje igikorwa ciwe afata umwanya wo gukora no gusenga.
Luka 6:12 “Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.“
Yarangije igikorwa aseng’Imana. Luka 22:39-40 “Arasohoka, aja ku musozi wa Elayono, nk’uko yamenyereye: abigishwa biwe na bo baramukurikira. 40 Ashitse aho hantu, arababarira, ati Ni musenge , kugira ngo ntimuje mu mosha mabi.“
2. Kwirinda icaha.
Abacamanza 16:19-20 “Maze Delila amusinziriza ku bibero vyiwe; araheza ahamagara umuntu, amumwa vya bitsibo ndwi vy’umushatsi. Atangura guhinduka goyigoyi, inkomezi ziwe zimuvako 20 j Maz’ aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Aca arakanguka, agira ngw arabakira nk’uko yahora, abikunkumure. Ariko ntiyar’ azi yuk’ Uhoraho yamuretse .“
Icaha catumye Samusoni atakaza inkomezi kuko kubwira Delila aho inkomezi ziwe ziva vyatumye Uhoraho amureka. 😥
Natwe twirinde icaha tugume mû migenderanire myiza n’Imana mû gusenga bizotuma tuba abanyabushobozi.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO