Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba ibanga ryo kugumana ubushobozi.

1. Ugusenga.

Matayo 4:1-2 Buno Yesu aduganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’Umurwanizi. 2 c Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje , abona gusonza.

Yesu imbere yo gutangura igikorwa camuzanye kw’isi yabanje kumara imisi 40 mû bugararwa asenga yisonzesheje.

Ivyo vyatumye atangurana igikorwa ubushobozi budasanzwe.
Luka 4:14 Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n’ubushobozi bga Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije.

Yakomeje igikorwa ciwe afata umwanya wo gukora no gusenga.
Luka 6:12 Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.

Yarangije igikorwa aseng’Imana. Luka 22:39-40 Arasohoka, aja ku musozi wa Elayono, nk’uko yamenyereye: abigishwa biwe na bo baramukurikira. 40 Ashitse aho hantu, arababarira, ati Ni musenge , kugira ngo ntimuje mu mosha mabi.

2. Kwirinda icaha.

Abacamanza 16:19-20 Maze Delila amusinziriza ku bibero vyiwe; araheza ahamagara umuntu, amumwa vya bitsibo ndwi vy’umushatsi. Atangura guhinduka goyigoyi, inkomezi ziwe zimuvako 20 j Maz’ aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Aca arakanguka, agira ngw arabakira nk’uko yahora, abikunkumure. Ariko ntiyar’ azi yuk’ Uhoraho yamuretse .

Icaha catumye Samusoni atakaza inkomezi kuko kubwira Delila aho inkomezi ziwe ziva vyatumye Uhoraho amureka. 😥 

Natwe twirinde icaha tugume mû migenderanire myiza n’Imana mû gusenga bizotuma tuba abanyabushobozi.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO  

 784 total views,  2 views today

Leave a comment