Shalom!
Ibanga ryo gushimish’Imana riri mu guca bugufi no kwumvira Imana.
Dufatir’akarorero kuri Kristo. Ab’i Filipi 2:5-11 “Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu. 6 c Uwo, naho yar’ asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ ikintu co kwumirako: 7 d ariko yisiga ubusa, yabira ishusho y’umugurano, acika usa n’abantu. 8 e Kand’ abonetse afise ishusho nk’iy’ umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’ urupfu rwo ku musaraba . 9f Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: 10 g kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu, 11 kand’ *indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho , ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.“
Yesu amaze kwicisha bugufi no kugamburukir’Imana kugeza ku gupfa urupfu rwo ku musalaba rwagenewe ikivume, Imana yamushize hejuru cane, aronka izina rirengeya ayandi!
Dusab’Imana umutima wo kwicisha bugufi no kwumvir’Imana nirwo rufatiro rwo gushirwa hejuru.
Igiti kiba kirekire cabanje kugir’imizi miremire. Ibanga ryo gushirwa hejuru cane rihagaze gushing’imizi mu kwicisha bugufi cane kuko Imana iguma ikeneye icubahiro cayo mu bitubako vyose!
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO