Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!  
Hasigaye imisi 12 ngo turangize urugendo rwo gusenga.  
Igiye kuba imisi yo gushimir’Imana ivyo yakoze mu mezi 12 ya 2023 no gusengera ameze 12 ya 2024.
Gusubira mu vyagezwe 8:12 Ni mwamara kurya mugahimba, mukubaka amazu meza mukayabamwo; 13 amasho yanyu n’imikuku yanyu bikagwira, mukagwiza amafeza n’amazahabu, mber’ ivyo mufise vyose bikagwira; 14 f maze muze mwirinde, imitima yanyu yoye kwishira hejuru, ngo mwibagire Uhoraho Imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja, 15 h akabacisha muri bga bugaragwa bunini buteye ubgoba, burimw’ inzoka z’ubumara buturira na sikorupiyo g, igihugu kigataye kitagira amazi; ikabakurira amazi mu gitandara c’isare, 16 ikabagaburira manu mur’ ubgo bugaragwa, iyo ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, maz’ amaherezo az’ abagirire neza. 17 i Kandi muze mwirinde, mwoye kwiyumvira mu mitima yanyu, mut’ Ubutore bgacu n’inkomezi zacu ni vyo vyaturonkesheje ubu butunzi. 18 j Ariko muze mwibuke Uhoraho Imana yanyu, kukw ari we azobaha ubutore bgo kuronka ubutunzi, kugira ngw ashitse isezerano yasezeranye arahira ba sogokuruza banyu, nk’uko biri n’uyu musi.
Mu bintu Imana yihanikirije ubwoko bwayo kwari kwirinda kwibagira ivyo yabakoreye.
Reka uyu musi twibuke ivyo Uhoraho yadukoreye mu kwezi kwambere 2023 ( Janvier 2023), hama dufata akanya ko kubiyishimira. Duce twongera tuyereka n’ukwezi kwambere 2024.

 

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading