Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! Turakomeza kwiga ku gukorera mû rukundo rw’Imana ! 

Uyu musi tugiye kuraba ingene Imana iha agaciro umutima dukoranye kuruta ubunini bw’ibikorwa.

(Luka 21: 1-4)  Yunamura amaso, abona abatunzi bashikana, baterera amashikanwa yabo mu masandugu y’amahera. 2 Abona umupfakazi w’umworo ateramw’ amasenge abiri. 3 b Arababgira, ati Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivy’ abandi bose: 4 kukw abo bose batereye mu mashikanwa ku bibasagutse , ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ibimutunze vyose.”

Yesu yahaye agaciro igikorwa c’umupfakazi kurusha ivy’abatunzi bandi bari bahejeje gukora kandi imbere y’abantu abo batunzi aribo bari bashikanye vyinshi mû maso y’abo.

Tugomba rero kwiyubara uburyo dukora kuko igikorwa cose kizocirirwa urubanza n’Imana ifatiye ku mutima twagikoranye. (Umusiguzi 12: 14) Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe , ari kibi ari ciza.

Dusab’Imana iturinde gukor’ivyoboneka nk’impfagusa imbere yayo.

Umusi mwiza !  

Loading