Shalom! Turashim’Imana iduhaye kubona umusi mwiza n’indwi nshasha!
Iri yinga tugiye kwiga ku gukorera mû rukundo rw’Imana .
1 Ab’i Korinto 13:1-3 ” Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasama. 2 a Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukurah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa. 3 b Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.“
Paulo yeretse ishengero ry’i korinto ibintu bashobora kuba bariko barakora bigaragara ko bikomeye, n’ingene bitakaza agaciro kubera bibuzemwo urukundo.
Birashoboka ko n’uyu musi abantu bitirirwa izina rya Yesu bashobora kuba bariko barwa mur’uwo mutego batabizi.
Iri yinga tugiye kurabira hamwe iki cirwa nk’aba ndabifurije guter’intambwe mû gukorera mû rukundo rw’Imana.
Umusi mwiza n’indwi nziza!
Pasteur Cassien NIKO