Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turakomeza icirwa cacu co gukorera mû rukundo rw’Imana ! 

Uwundi mutego abantu barwamwo n’ugukora ikintu ar’uko ukibonamwo inyungu ariko udasunitswe n’urukundo.

1 Ab’i korinto 13:4-5a  ” Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, 5c ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo ,

Iyo umuntu akoz’arondera ivyiwe, aba ahay’agaciro amategeko y’iyi si yubakiye ku nyungu. ( intérêt matériel  ) ariko uwusunitswe n’urukundo ntakorera kuronde’inyungu.

Ab’i Filipi 2 :3&4 Ntimugire ico mukora kubgo gukebana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta, 4 b kand’ umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’ abandi.

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO  

Loading