Shalom!
Uturorero tw’abahaye agaciro umugambi w’Imana.
1. Mariya nyina wa Yesu.
Luka 1:30-33 “Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Mariya, kuk’ ugiriwe ubuntu n’Imana. 31 m Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’ uz’ umwite YESU. 32 n Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Isumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi, 33 o ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.“
Imana yatumye umumalayika kumenyesha Mariya umugambi Imana imufiseko wo kuzovyara Yesu. Yongera aramusobanurira n’ingene ivyo bintu bizoba ku nkumi itaramenya icitwa umugabo v34-35.
Icerekanye ko Mariya yahaye agaciro umugambi w’Imana n’amajambo yavuze mu mirongo ya 37&38a”kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha. 38 Mariya aramubgira, at’ Ehe nd’umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe .”
Birakwiye natwe ko mu gihe twatahuye ic’Imana ishaka twiyorosha mu mitima tukakira umugambi wayo kandi twicishije bugufi kuko ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana rifise ububasha.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO