Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Dutanguye iyinga rishasha turimbura ivyo yakoze mû kwezi kwa munani 2023 kandi dusengera n’ukwo muri 2024.
Zaburi 124:1-6 Iyaba Uhoraho atari we yari mu ruhande rwacu, N’abe ari kw Abisirayeli bavuga none; 2 Iyaba Uhoraho atari we yari mu ruhande rwacu, Hamwe abantu badukurira hasi, 3 b Baba baratuyongobeje tukibona, Hamwe uburake bgabo bgarurumba kuri twebge. 4 c Amazi aba yaraturengeye rwose, Isuri iba yararenze ku bugingo bgacu, 5 Amazi asuriranya aba yararenze ku bugingo bgacu. 6 Uhoraho ashemagizwe, Atadutanze ngo tube inyama z’amenyo yabo.
Imana yabanye natwe kandi vy’ukuri turayishimira cane! Twabonye ugutabarwa kuva ku muremyi w’ijuru n’isi.
Muze mwese tunezererwe no kuba mw’ijambo ryiwe nikwo kwishira mû bwigobeko bwiwe bizotuma turindwa no muri 2024.
Zaburi 91:1 Uba mu bgigobeko bg’Isumba vyose Azokwama ari mu gitutu c’Ishobora vyose.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading