Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Uyu n’umusi ugira 36 wo gusenga. 

Dutanguye indwi y’agacerere ko kwumviriza ic’Imana ivuga kuvyo tumaz’imisi tuyibwira.

Habakuki 2:1-2 Nzohagarara nshibamye, nje ku munara wo gushibamako, nkenguze ndabe ico aribumbarire, n’ico ndibumwishure, ku vy’amaganya yanje. 2 b Maz’ Uhoraho aranyishura, at’ Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu nyuguti zisomeka, kugira ng’ ubisoma anyarutse.

Uyu musi tugiye kuzirikana kuvyo twasavye indwi yambere ku buzima bwacu, hanyuma dufat’akanya ko guteg’amatwi Imana twumve ic’ibivugako, ivy’ituganiriza tuvyandike nk’uko Habakuki yabwiwe.

Mu mwanya w’agacerere Imana iratuganiriza bikomeye bikadushoboza gufata ingingo zikomeye.

Yesaya 30:15 Umwami Uhoraho, Uwera w’Abisirayeli, uku ni ko yari yaravuze, ati Mu guhindukira no mu gutekana ni ho muzokirira; mu gutekereza no mu vyizigiro ni ho muzoherwa inkomezi;”

Duhitemwo umwanya mwiza n’ikibanza ciza c’umutekano kugira duhe akanya Imana ituganirize.

Umusi mwiza n’indwi nziza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading