Shalom !
Dushim’Imana kubw’iyinga rishasha twinjiyemwo.
Iri yinga n’iryo kwisubiramwo (Auto évaluation).
Luka 15:11-19 “Kand’ arababgira, ati Habaye umuntu yar’ afise abahungu babiri. 12 Umuhererezi abgira se, ati Data, mpa umugabane w’ibintu notwaye. Abagaburira itunga ryiwe. 13 e Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu. 14 Abimaze vyose, ikigoyi gikomeye gitera mur’ ico gihugu, atangura gufutana. 15 Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube. 16 f Yifuza guhazwa n’ibishishwa ingurube zarya, ntihagira umunutsa. 17 Yisubiyemwo, aribgira , at’ Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahazwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano. 18 g Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku yo mw ijuru no mu maso yawe, 19 singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe.“
Umwana w’icangazi amaze igihe yaravuye hasi, yaricaye asuzuma ivy’agezemwo afatiye kuvyo yari yiteze akigenda.
Natwe turi mu kwezi kwanyuma kurangiza umwaka wa 2022, iri yinga n’iryo kwicara no gusubiza amaso inyuma kuva umwaka utanguye, turaba ivyo turimwo uyu musi dufatiye kuvyo twari twiteze uyu mwaka.
Dusuzume niba twaratey’imbere canke inyuma, twihe amanota.
Umusi mwiza n’iyinga ryiza!
Pasteur Cassien NIKO