Shalom!
Uyu n’umusi ugira 27 wo gusenga 😀
Dusengere umutima wo guhishurirwa mw’Ishengero.
Abanyefeso 1: 15-20 “Ni co gituma nanje, numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri mwebge, n’urukundo mukunda abera bose, 16 o ntahengeshanya kubashimira Imana, mbahoza mu kanwa uko nsenze, 17 p ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya; 18 q ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera, 19 r mumenye n’ubginshi buhebuje bg’ubushobozi bgayo ikoreshereza muri twebge abizera, nk’uko kwa gukora kw’ububasha bg’ubushobozi bgayo kungana, 20 s ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bgayo ahantu ho mw ijuru”
Umutima wo guhishurirwa n’ikintu gikomeye mû buzima bw’Ishengero. Kuko turi mû rugendo tugana kuzobana n’umwami ibihe bidashira kandi tukiri mw’isi dufise ico Kristo yadutumye co guhindura amahanga no kuba ubwami bwiwe.
Iyo ataguhishurirwa kuhari, hashirwa hejuru imigenzo y’idini ibi navyo ntibituma abantu bahinduka kandi amashengero menshi yaguye mur’uyo mutego.
Iyo ataguhishurirwa abantu bitwara uko bashaka.
Imigani 29:18a ” Iyo hatar’ uguhishurirwa, abantu bigira uko bagomba,“
Reka twese dufatanirize hamwe iri sengesho ryo gusab’Imana uwu umutima utuma tumenya ivy’Imana idushakako buri musi.
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO