Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu n’umusi ugira 29 wo gusenga.

Dutanguye iyinga rishasha ryo gusengera akarere turimwo kuko tuhafise ic’Imana yahadutumye. Ivyo tugomba kumenya:

1. Aho dukorera haba impwemu mbi turwana nazo.

Abanyefeso 6:12-13 Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru. 13 k Kubg’ ivyo mwabire ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.

2. Twebwe turwana mû buryo bw’impwemu.

2 Abo i Korinto 10:3-4a Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri, 4 c kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri,

3. Dufise isezerano ryo kurwana no kunesha.

Gusubira mû vyagezwe 33:27-29 Imana ihoraho ni yo buhungiro bgawe, Kand’ amaboko y’ibihe vyose yama akuramira.Yirukanye abansi imbere yawe, Iravuga, iti Genda urandure! 28 z Uko ni kw Abisirayeli bahavuye baba amahoro,Iriba rya Yakobo rikibera ukwaryo Mu gihugu kibamw’ ingano na vino, Ijuru ryaco rigatonyanga ikime. 29 a Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibobo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.

Uyu musi dushimir’Imana kuba yaratwizigije igikorwa kidasanzwe co guhagararira ubwami bwayo, co kurwana no kunesha mw’izina rya Yesu rya Yesu.

Umusi mwiza n’indwi nziza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading