Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Dukomeze urugendo rwo gusengera ubuzima bwacu.

Uyu musi tugiye kwica ingingo zikiri mw’isi.

Abo i kolosayi 3:5 Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’ abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana;

Igikorwa co kubambanwa na Kristo kidusaba kwisuzuma no kujana ku musalaba ingeso zose zituma dutakaza intahe nziza tugakwega n’uburake bw’Imana kuko tuba turiko twifata uko bitabereye abemeye kuzuranwa na Kristo.

V6 ivyo ni vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.

Uyu musi rero twiyambure ikintu cose kikitumatanije n’isi kandi twitwa abana b’Imana.

V8-10 Ariko noneho mwiyambure n’ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw’ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amagambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu. 9h Ntimukabeshane, kuko mwiyambuye umuntu wa kera n’ibikorwa vyiwe, 10i mukambara umuntu musha, ahindurwa musha ngw agire ubgenge, amere nk’ishusho y’Iyamuremye:

Reka dusengera mur’aya majambo yose yo Ab’i Kolosayi 3:1-17  tuyihererezako.

Imana iduhe ibihe vyiza vyo guhindura ubuzima bwacu biciye mû gusenga.

Umusi mwiza wo gusenga no kwisonzesha ku babishoye, tuzorangize urugendo rw’imisi 40 twahindutse gose!

Pasteur Cassien NIKO  

Loading