Shalom!
Dukomeze kwiga ku biranga umutima umenetse.
Uguhimbaza (adoration)
Yohana 12:1-8 “Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho Lazaro yaba, umwe Yesu yazuye mu bapfuye. 2 c Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yar’ umwe wo mu bicaranye na we basangira. 3 d Maze Mariya yabira ingero y’amavuta atamirana y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada, ayasiga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kand’ inzu yose itamiranamw’ ayo mavuta. 4 Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira az’ amugure, aravuga, 5 ati N’iki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabge aboro? 6 e Arikw ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, n’uko yar’ umwivyi, agendana umupfuko, agasotora ku bibitswemwo. 7 Yesu aramubgira, ati N’umureke, kukw ivyo yabibikiye umusi wo guhambga kwanje. 8 f Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.“
Mariya Yesu yari yamubabariye ivyaha vyinshi, aca agira urukundo rwinshi bituma agira ihishurirwa ryo gutegura urupfu rwa Yesu.
Yamusize amavuta y’agaciro kanini ku buryo vyateye umwikomo abari ngaho canecane Yuda yiyumvira agaciro k’ayo mavuta.
Amuhanaguza imishatsi yiwe kandi imishatsi ifise agaciro gakomeye ku mugore.
Ibi vyagaragaje umutima umenetse umenya kubahisha Kristo ivy’agaciro umuntu afise. Iki n’igikorwa co guhimbaza( acte d’adoration)
Uwo niwo mutima Kristo adushakako.
Matayo 22:37 “Aramwishura, ati Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose.“
Dusab’Imana uwo mutima tuwinjirane mur’uku kwezi kwanyuma kurangiza umwaka kugira turimvure ivy’Imana yadukoreye tuyihe icubahiro
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO