Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Dukomeze ibigaragaza ko ubuntu bwakiriwe ( igice ca 2)

2. Umunezero mwishi cane!

Luka 1: 24-25 Iyo misi ishize, umugore wiwe Elisabeti asama inda, atinya abantu amezi atanu, 25 j at’ Uku ni k’Umwami Imana inkoreye mu misi yandabiyemwo kunteturura mu bantu.

Elisabeth abonye asamye inda mu butamakazi bwiwe, yagize umunezero mwishi no gutangarir’ugukora kw’Imana amezi atatu, aca yihisha amezi atatu.

Turavye amajambo yavuye mu kanwa kiwe v25 at’ Uku ni k’Umwami Imana inkoreye mu misi yandabiyemwo kunteturura mu bantu.” Biragarara ko yarengewe n’urukundo n’imbabazi z’Imana aca afata akanya ko kutagarara imbere y’abantu, afata akanya ko kwihererana n’Imana ashima.

Ndazi ko twiteguriye ibihe vy’amashimwe y’umwaka mushasha, aho tuzohagarara imbere ya bene Data dushima, ariko imbere y’ivyo dufat’akanya ko kwihererana n’Imana tutagiye gusaba nk’uko benshi arico kibajana, ariko twihererane nayo tuyishimira mu mwanya w’ibanga ryacu n’Imana.

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading