Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Duh’Imana icubahiro kubw’iyi ndwi dutanguye turi bazima.

Turonse akandi karyo ko gukora ico twaremewe, akaryo ko kuzana abandi kuri Yesu, akaryo ko gukomeza gutunganywa…

Iri yinga tugiye kwiga ku gukorera mû bubasha bwa Kristo. 

Matayo 28: 18-20  Yesu arabegera, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi. 19 j Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera; 20 k mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.

Yesu imbere yo kurungika abigishwa biwe guhindura amahanga, yabanje kubabwira ko yahawe ububasha mw’ijuru no mw’isi.

Ni nk’aho yaberetse ko abarungitse kuko yaronse ubwo bubasha, ko bakwiye kuja kubukoresha.

Ndakwifurije ko ubu bubasha nawe wobwakira ukabukoreramwo kugira Kristo ashirwe hejuru.

Umusi mwiza n’indwi nziza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading