Shalom!
Ibituma dukwiye kuririmbira Uhoraho indirimbo nsha.( igice ca 2)
3. Kuko Uhoraho ahangamye.
Zaburi 97:1-6 “Uhoraho arahangamye; isi n’ihimbarwe; Ibizinga vyo mu kiyaga binezerwe uko bingana. 2 b Ibicu n’umwiza biramukikije: Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yiwe ihagazeko. 3 c Umuriro umwitangira imbere, Uyigiza abarwanizi biwe impande zose. 4 d Imiravyo yiwe yabonesheje mw isi, Ibihugu birabibona, bihinda agashitsi. 5 e Imisozi iyagira imbere y’Uhoraho nk’ibishashara, Imbere y’Umwami w’isi yose. 6 f Amajuru atangaza ukugororoka kwiwe, Amahanga yose yabonye ubgiza bgiwe.“
Ukuganza kw’Imana, ubwigenge bwayo, ubushobozi bwayo, igaragaza kuvyo yaremye, birakwiye ko vyotuma twamana na ntaryo indirimbo z’amashimwe mû kanwa kacu.
Ivyo yaremye twitegereza tukarengerwa nk’amajuru, bitangaza ukugororoka kwiwe, amahanga yose akaboba ubwiza bwiwe! V6
Uguhangama kw’Uhoraho tukwiyumvireko hama tumuhe icubahiro kimukwiriye, tumureke aganze mû buzima bwacu kuko yaturemeye kumuhimbaza.
Gusubira mû vyagezwe 7:6-9 “Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu; kand’ Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw isi ngo mube ihanga yiharije. 7 Icatumye Uhoraho abakunda, akabatoranya, s’uko mwarusha ayandi mahanga yose ubginshi; mbere mwar ‘ubusa hanyuma y’ayandi yose. 8 f Ariko n’uk’ Uhoraho abakunda, akagomba gushitsa indahiro yarahiye ba sogokuruza banyu; ni co catumye Uhoraho abakuzay’ ububasha bgiwe bginshi, akabagobotora, akabakura mu nzu y’ubuja, no mu maboko ya Farawo umwami wa Egiputa. 9 g Nuko rero mumenye yuk’ Uhoraho Imana yanyu ari yo Mana; n’Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo, ikageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi;“
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO