Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Akandi karorero k’uwahaye agaciro umugambi w’Imana. 
2. Aburahamu.
Itanguriro 12:1-4a Uhoraho abarira Aburamu, ati Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka. 2 b Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe. 3 c Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ uzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izoherwa umugisha. 4 Nuko Aburamu aragenda, nk’uk’ Uhoraho amubariye;
Aburahamu amaze kubwirwa n’Imana umugambi imufiseko, yaciye ayumvira ashira mu ngiro ic’Imana imubwiye gukora ava aho yahora aba arimuka.
Akenshi kugira Imana idushikaneko umugambi wayo har’ivy’idusaba gukora, ivyo tugomba guheba, ikibanza tugomba kuvamwo naho twoba twari tuguwe neza ( notre zone de confort).
Ico duhamagarirwa mur’ivyo vyose ni ukumvir’Imana ataco tubanje kuyisaba kindi.
Kandi iyo dutey’intambwe tukayumvira nayo ikomeza kudusezeranira ibikomeye.
V6&7 Aburamu adwebera ico gihugu, ashika ahantu hitwa i Shekemu, ku giti c’umweloni ca More. Ico gihe Abanyakanani ni bo baba mur’ ico gihugu. 7 f Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu. Aca ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse.
Guha agaciro umugambi w’Imana bifatanye no kwumvira. 

 

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading