Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba akamaro ko kugir’ubwenge.
1. Haba kuzigamwa no kutazimira.
Imigani 2: 10-12 “Kuk’ ubgenge buzokwinjira mu mutima wawe, Kand’ ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. 11 d Amakenga azogushibamira, Ugutahura kuzokuzigama, 12 Ngo bigukize inzira y’ikibi, N’abantu badadika,“
2. Buduha gukayangana no mu bihe vy’umuzimagiza.
Daniyeli 12:3a “Kand’ abagize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw itazanure ry’ijuru,“
Igihe Yesu yariko avuga ku bimenyetso bizokwerekana uguhona kw’i Yerusalemu no kugaruka kwiwe muri Matayo 24 , yaciye abwira abigishwa ku murongo wa 32 na 33 gutahura ibihe.
“Ni mwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw agatasi kari hafi. 33 Nuko namwe, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muze mumenye kw ari hafi, ku rugi.“
Nuko natwe dusome Bibiliya dutahur’iy’igihe kigeze kugira ntidutangazwe n’ibiba biriko biraba kw’isi.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO