Shalom !
Akamaro ko kugira umunezero w’agakiza. Igice ca 3
3. Ni wo utuma haba kwitanga.
2 Abo i Korinto 8:1-5 “Bene Data, turabamenyesha ubuntu bg’Imana amashengero y’i Makedoniya yagiriwe. 2 Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buherwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo. 3 Kubgabo baratanze nk’uko bashoboye, ndabibashingira intahe, kandi n’ukurusha ivyo bashoboye, 4 b badusaba binginga cane kubatera iteka kugira ngo bafatanye n’abagaburira abera. 5 Kandi si nk’uko twabiziga gusa, ariko babanje kwitanga biha Umwami wacu, natwe nyene baratwiha, nk’ukw Imana yagomvye.“
Ishengero ry’i Makedoniya bari mu marushwa menshi n’ubworo bwinshi. Muga bari bafise umunezero w’akaburarugero, ubasunikira kwiha Imana no gukora igikorwa co gufasha abera Pawulo aratangara cane!
Ngo kandi babikoze nk’aho ari iteka batewe biba intahe ikomeye ku babibonye bose.
Umunezero w’agakiza usunikira umuntu kwiyumvira ku bandi cane cane abakene. Kuko umunezero ari icamwa ca Mpwemu Yera kandi Imana ni Urukundo, urukundo narwo rusunikira umuntu kwiyumvira ku bandi nk’uko Imana yatwiyumviriyeko igatanga umwana wayo w’ikinege.
Yohana 3:16 “Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.“
Natwe umunezero w’agakiza udusunikire kwiha Imana no kwitangira abandi.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO
57 total views, 1 views today
1 Comment
Cnfisy
buy diamox without prescription generic diamox 250 mg imuran price