Shalom!
Akamaro ko kugira umunezero w’agakiza. Igice ca 2.
2. Ni wo utuma twihangana.
Ahaheburayo 12:1-2 “Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremera vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye, 2 b dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.“
Muvyatumye Yesu yihanganira umusaraba zari inkomezi z’umunezero w’abantu yabona bagiye gucungurwa kubwo gupfa no kuzuka kwiwe.
Umunezero w’agakiza n’inkomezi ku mukristo zimushoboza kwihanganira amageragezwa.
Niwo washoboje Pawulo na Sila bahimbaz’Imana kandi baboshwe.
Ivyakozwe n’Intumwa 16:23-26 “Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane. 24 Na we abariwe artyo abashira mu nzu yo hagati, arobeza amaguru yabo mu mpatane z’ibiti. 25 Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva, 26 isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka.“
Turakeneye uwo munezero tukiri mur’iyi si yuzuyemwo ibigeragezo ngo utubere inkomezi.
Nehemiya 8:10c” kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu .”
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO