Shalom!
Akamaro ko kugira umunero w’agakiza.
1.Niwo udusunikira guhinduka.
Matayo 13:44 “Ubgami bgo mw ijuru busa n’izahabu zanyegejwe mw itongo. Umuntu yazubutseko, arazihisha, aragenda, umunezero umutera gushora ivy’ afise vyose, agura iryo tongo.“
Umunezero wo kubuka kw’izahabu watumye uyu muntu ashora ivyo yarafise vyose kugira agure iryo tongo.
Umunezero w’agakiza utuma umuntu aheba ivyo yahora agenderamwo vyamuteranya n’Imana, bikamubuza amahoro.
Umunezero wo kwakira Yesu mu nzu yiwe watumye Zakayo asubiza ivyo yivye atanga n’inshumbusho.
Luka 19:6-9 “Yururuka vuba, amwakirana akanyamuneza. 7 a Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurarira umuntu w’umunyavyaha! 8 b Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Raba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane. 9 c Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu.“
Ikibazo umwe wese yokwibaza, mbega ndafise umunezero w’agakiza ? N’iyihe mpinduka iriko irambako?
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO