Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Aho Yesu ashitse umuyaga uraca.
Matayo 14:32-33 Buriye mu bgato, umuyaga uraca. 33 Abari mu bgato baramupfukamira, bati N’ukuri ur’ Umwana w’Imana.
Yesu yasanze abigishwa bananijwe n’imifunda mû kiyaga, bafise ubwoba bwinshi ko bagiye gupfa, ariko ashitse mû bwato umuyaga waciye uhagarara, bamutahura ku rundi rugezo batari bwashikeko, baca baramupfukamira.
Yesu arashaka ko tumumenya ku musi ku musi, kandi akenshi akoresha ibibazo n’amageragezwa kugira tumuhamagare abikemure nk’Imana natwe turushirizeho kumutahura no kumufukamira tumuha ishimwe rimukwiriye imisi yose.
Ivyo uriko uracamwo uyu musi sivyo kukwica ariko n’ivyo kugira Imana irushizeho kugaragaza ubushobozi bwayo intahe yawe izofashe benshi.
Yohana 11:4  Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.
Ico uhamagarirwa n’ugusenga ugaha akaryo Imana ko gukora.  
Yeremiya 33:2-3 rit’ Uhoraho abikora, Uhoraho abirema akabikomeza, Uhoraho ni ryo zina ryiwe, uku ni kw agize, 3 c ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye .

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading