Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Aho Yesu ashitse ntabura uko abigenza! 
Yohana 9:6-7 Avuze ivyo, acira amate hasi, avurungisha amate utwondo, araheza amusiga utwo twondo ku maso; 7 aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona.
Mû gukiza iyi mpumyi yayisize utwondo ku maso aca amutuma kuja kwiyuhagira.
Har’ico Yesu yakoze, n’uwari impumyi hari ico yasabwe gukora, bompi barakoze hanyuma uwahora ari impumyi aca arabona.
Ico duhamagarirwa n’ukwemera ico Yesu akora, tukumva ic’avuga, tugakora ico atubwiye, ibisigaye ivyo Yesu akora biraheza bikagaragara.
N’uyu musi Yesu aracakora, tumwizere!

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading