Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Aho Yesu ashitse, haba agahinyuza. 
Yohana 9:39-41  Yesu aravuga, ati Naje mur’ iyi si kuba agahinyuza, ngw abatabona babone, n’ababona babe impumyi. 40q Bamwe mu Bafarisayo bari kumwe na we bumvise ivyo, bati Mbega natwe tur’ impumyi? 41r Yesu arababgira, at’ Iyo muba mwar’ impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu camaho.
Yesu amaze guhumura impumyi kw’isabato, abafarisayo biciyemwo imirwi ibiri, abavuga ko Yesu ari umunyavyaha ko yakijije umuntu kw’isabato n’abemera ko ari uwuvugishwa n’Imana kuber’igitangaza yakoze.
V16 Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa .
Iki gihe hari inyigisho nyishi zizana kuzazanirwa mû bantu. Dusenge Yesu we ari agahinyuza yigaragaze!  

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading