Shalom !
Ibigaragaza ko umuntu yiyeguriye Imana. Igice ca 4.
4. Imana imushingira intahe.
Yobu 1:8 “Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?“
Imana yashingiye intahe Yobu imbere ya Satani.
1 Samweli 16:11-13 “Maze Samweli abaza Isayi, ati Mbeg’ abana bawe bose n’abo? Aramwishura, ati Hasigaye umuhererezi, ariko rer’ ari ku ntama. Nuko Samweli aramubarira, ati Tuma uja kumuhamagara, kuko tutaribgicare ngo turye ataraza. 12 j Nukw atuma uja kumuzana. Kandi yar’ umuhungu w’inzobe, w’amaso meza, w’umunyakaranga. Maz’ Uhoraho aravuga, ati Va hasi, umusukekw amavuta, kuko wa wundi ar’ uyo. 13 k Nuko Samweli aca yabira rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akabushungwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.“
Igihe Samweli yaja kurobanura Umwami mû nzu kwa Isayi, Dawidi nta gaciro yahawe n’umuvyeyi wiwe kuko ntiyibaza ko ariwe Imana yorobanura hari bakuruwe bafise ishusho n’uko bareha vyatumye na Samweli yibwira ko aribo.
Ariko Imana isesa imitima yashingiye intahe Dawidi, bamukura iyo yibagiriwe inyuma y’intama asirwa amavuta y’ubwami.
Iyo twihaye Imana iratwemera ikatwemeza n’abandi.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO