Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Dufate ingingo yo kwama duha icubahiriro Imana. 
Ivyakozwe n’Intumwa 3:11-12 Agifashe Petero na Yohana, abantu bose birukira kuri bo, bakoranira kw ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane. 12 Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?
Petero na Yohana bahejeje guhagurutsa ikimuga mw’izina rya Yesu, abantu baciye baza kubashengerera ariko nabo baca bababwiye ko icubahiro ar’ic’izina rya Yesu.
V16 16 Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.
Ikibazo abantu b’uyu musi bafise n’uko bafata icubahiro c’Imana bakaciha, bakigira ivyamamare, abandi bagaha abandi bantu icubahiro aho kugiha Imana.
Yohana 12:43 kuko bakunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.
Dufat’ingingo yo guha Imana icubahiro kiyikwiriye imisi yose no muri vyose!

 

Week-end nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading