Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Uyu musi tugiye kuraba igituma duhamagarirwa kwiyegurir’Imana.

1. Kuberako dusangiye ubwoko n’abera.

Abanyefeso 2:19 Nuko ntimukir’ abashitsi n’akavantara, ariko musangiye ubgoko n’abera, mur’ abo mu ngoro y’Imana

Kristo amaze kudutoranya, tugomba gutahura ko bidusaba kumwiha wese mû guheba ikintu cose cotuma tutaba muri we neza nk’uko Paulo yabikoze.

Ab’i Filipi 3: 8-9 Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje . Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo, 9 g kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabga uwizeye,

2. Kugira tube ibikoresho vy’icubahiro.

2 Timoteyo 2:20-21Mu nzu nini y’umutunzi ntihabamw’ imbombovu z’ivyacuzwe mw izahabu no mw ifeza gusa, ariko habamwo n’iz’ ivy’ ibiti n’iz’ ivy’ ibumba, kandi bimwe babikoresha ivy’ icubahiro, ibindi babikoresha ibiteye isoni. 21 p Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose .

Mw’ishengero ry’Imana niyo nzu nini y’umutunzi ariwe Data wa twese.

Kandi abakristo bamwe bakoteshwa ivy’icubahiro n’Imana, abandi nabo Satani abakoresha ivyo gutukisha Ishengero.

Tugomba kwiyegurir’Imana kugira tuyihesh’icubahiro ntitube abo kuyitukisha nk’uko uyu musi abitirirwa izina ryayo biriko birababako.

Dusab’Imana idushoboze kuba ibikoresho vy’icubahiro ( vases d’honneur).

Umusi mwiza!   

Pasteur Cassien NIKO  

Loading