Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Uyu musi tugiye kurabira hamwe ububasha Yesu yabwiye intumwa ko yaronse ubw’aribwo.

1. Izina rirengeye ayandi.

Ab’i filipi 2: 8-11  Kand’ abonetse afise ishusho nk’iy’ umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’ urupfu rwo ku musaraba. 9 f Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: 10 g kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu, 11 kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.

Yesu amaze gupfa no kuzuka yaronse ububasha bwo gupfukamisha amavi yose y’isi n’ijuru no kwatuz’indimi zose ko Kristo ari Uhoraho.

2. Imfura mû vyaremwe vyose.

Abo i kolosayi 1: 15-16  Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose: 16 o kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka, ur’ intebe z’icubahiro, ur’ ubgami, ur’ ubukuru, ur’ ububasha: vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe.

Ububasha bwose tubona kur’ino si Kristo arabugenzura, bwaba ububasha bwiza canke bubi ubwo twita ububasha bw’umwijima, Yesu ari hejuru ya vyose.

Dutahure neza iyo tuvuze gukorera mw’izina rya Yesu ico bisobanura mw’isi y’impwemu hanyuma dukoresh’ubwo bubasha mû guhesh’icubahiro Kristo yadutumye.

 Ab’i Kolosayi 3:17  Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo .

 

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading