Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba itandukaniro riri hagati y’Ishengero ry’abantu bafise aho rihurira ( Eglise Locale) y’Ishengero umugeni wa Kristo ( Eglise universelle)
Ikoraniro ry’abizera Kristo basangiye ivyizerwa bagahurira ahantu baba ishengero ry’ahantu kanaka.
Akarorero: 1 Tesalonike 1:1 “Paulo na Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw ishengero ry’i Tesalonike , bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo: ubuntu bube muri mwebge n’amahoro.“
Iri ishengero ry’i tesalonike ryari ( Eglise locale)
Abantu bose bizera Yesu nk’umwami n’umukiza kw’isi yose nibo baheza bakitwa Ishengero rya Kristo aribo mugeni wa Kristo.(Eglise universelle). Niryo yesu yavuzeko muri Matayo 16:18 “Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero o, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje ..“
Iri rero niryo rikomeye imbere ya Kristo. Ikibabaje n’uko umuntu ashobora kuba azwi neza mw’ishengero kanaka (locale), muga atari mw’Ishengero umugeni ( Eglise universelle).
Dusuzume neza nimba turi mur’iryo Shengero rya Kristo kuko niryo rizomusanganira ni yagaruka.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO